Uko wahagera

Maroke Mu Nzira yo Kwinjira muri CEDEAO


Abakuru b'ibihugu bigize umuryango CEDEAO

Ishirahamwe ry’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afurika y’uburengero, CEDEAO ryemeje icipfuzo ca Maroke co kwinjira mur’uwo muryango, mu nama yabaye kur’uyu w’Imana I Monrovia k’umurwa mukuru wa Liberiya.

Muvyari bitegekanijwe kwigwa mur’iyo nama, abakuru b’ivyo bihugu bari kwiga ivyasabwe na Maroke kuva mu kwezi kwa kabiri.

Abakuru b’ivyo bihugu barashinze umurwi wo kwiga iyinjira rya Maroke muri Cédéao ukazotanga ivyo yahsitseko mu nama izokurikira

Mwibuke ko Maroke kimaze amezi atandatu cemerewe gusubira mu muryango w’ibihugu bigize ubumwe bw’Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG