Uko wahagera

Senegal na Isirayeli Vyongeye Kwunga Ubucuti


Isana y'Umushikiranganji wa mbere wa isirayeli, Benjamin Netanyahu mu nama y'abashikiranganji i Yerusalemu.
Isana y'Umushikiranganji wa mbere wa isirayeli, Benjamin Netanyahu mu nama y'abashikiranganji i Yerusalemu.

Igihugu ca Isirayeli na Senegal vyongeye kwunga ubucuti muvya kidipolomasiya bwari bwatosekaye inyuma y’aho Senegal cifatanije n’inama ya ONU ijejwe umutekano mu gufata icemezo gisaba Isirayeli guhagarika kwubaka amazu ku butaka bw’abanyepalestina.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yarabonanye k'umusi w'Imana n’umukuru w’igihugu ca Senagal Macky Sall muri Liberiya ahariko habera inama y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero CEDEAO.

Isirayeli yaciye itangaza ko igiye gusubira kurungika uwuyiserukira muri Senegal, nayo Senegal yiyemeza ko izotora ko Isirayeli gihabwa umwanya wo kuba indorerezi mu muryango w’Ubumwe bw’Afrika.

Mwibuke ko Senegal, Nouvele Zelande, Maleziya na Venezuela biri mu bihugu vyashigikiye m’ukwezi kwa cumi na kabiri icemezo c’inama ya ONU ijejwe umutekano gisaba Isirayeli guhagarika kwubaka amazu mu ntara y’abanyepalestina isanzwe iriko irondera kwigenga ikaba igihugu ubwaco.

Ico gihe Netanyahu akaba yaciye ahamagaza abaserukira igihugu ciwe muri Senegal na Nouvele Zelande.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG