Uko wahagera

USA: Imyiyerekano yo Gusaba ko Ukuri Kuja Ahabona


Abari mu myiyerekano mu gisagara ca New York

Hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika habaye imyiyerekano mu bisagara birenga ijana na mirongo itatu na bitanu. Abari mur’iyo myiyerekano basaba ko hakorwa amatohoza ataho ahengamiye kubijanye n’uruhara rw’Uburusiya mu myiyamamazo ya Prezida Donald Trump, mu matora yabaye m’umwaka uheze.

Iyo myiyerekano yitiriwe “Urugendo rw’ukuri” yatunganijwe n’urunani rw’Imirwi ishika kuri cumi n'indwi, harimwo uw’abakenyezi hamwe n’umurwi w’aba democrate bipfuza ko ibintu biter’imbere muri Amerika.

Iyo mirwi isaba ko hashingwa umurwi wigenga, ujejwe gucungera amatohoza, kugira umenye nimba amatohoza ariko arakorwa n’umurwi w’abashingamateka afise ivyangombwa vyose vyo gukora ayo matohoza, kandi ko ataho uhengamiye.

Abatunganije iyo myiyamamazo basaba kandi ko Prezida Trump ashira ahabona ubutunzi bwiwe. Ivyo Prezida Trump akaba yarabihakanye akatari gake.

Iyo myiyerekano ikurikiye iyari yabaye inyuma y’umunsi umwe Prezida Trump yaraye yimitswe k’umugaragaro mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG