K’umugwa mukuru w’Ubuwongereza, I Londres, Imodoka yo m’ubwoko bw’ikamyoneti yuriye abantu k’umugoroba wo kur’uyu wa gatandatu, ikomeretsa abatari bake. Hafi y’ahabereye iryo sanganya, hongeye haracumitwa imbugita abantu babiri.
Abajejwe umutekano bavuga kandi ko bariko barahangana n’irindi sanganya nk’iryo, ryabereye m’ubumanuko bw’igisagara ca Londres.
Bivugwa ko umuntu umwe ariwe yahasize ubuzima, yamara gushik’ubu abajejwe intwaro ntaco baratangaza, nta n’igitigiri kiramenyekana c’abakomeretse. Theresa May, Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yatangaje ko bafata ayo masanganya nk’ibitero vy’abiyahuzi.
Ababibonye bavuga ko iyo modoka yazananye umuvuduko munini, ica yurira abariko batambuka n’amaguru mur’iyo micungararo.
Ivyo bibaye atan’indwi zibiri ziheze habaye igitero cabereye ahariko harabera igiteramo c’umuririmvyi w’umunyamerikakazi Ariana Grande, cahitanye abantu bashika kuri mirongo ibiri na batatu.
Facebook Forum