Uko wahagera

Afurika Izobangamirwa N'ingingo y'Amerika ku Masezerano y'i Paris


FILE - Land cleared for a Socfin palm oil plantation is seen in Malen chiefdom in Pujehun district in southern Sierra Leone, Oct. 27, 2011.

Ingingo ya perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump y’ugukura meza mu masezerano y’i Paris kw’ihindagurika ry’ibihe ishobora kugira ingaruka mbi ku karere ka Afrika. Ivyo bitangazwa n’abaharanira ibidukikije mu karere ka Afrika.

Saliem Fakir ajejwe imigambi mu kigo kijejwe gukingira inyamaswa mu gihugu ca Afrika y’epfo, arafise impungenge ku ngingo y’Amerika y’ukuva mur’ayomasezerano. Amenyesha kw’iyo ngingo izotuma Amerika ihagarika intererano y’imiliyaridi zibiri z’amadolari yari agenewe ikigega kijejwe gufasha ibihugu biri mu nzira y’amajambere kwijukira uburyo n’ubuhinga bitageramira ibidukikije.

Saliem Fakir amenyesha kw’ico kigega gikenewe cane kubera cari gufasha ibikorwa vy’ukurwanya ihindagurika ry’ibihe mu karere ka Afrika.

Kubera abanyafurika batari bake batunzwe n’uburimyi, Fakir avuga ko bashobora kugeramirwa kurushiriza n’ihindagurika ry’ibihe.

Abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika barerekanye ko badashimishijwe n’ingingo ya Perezida Trump y’ugukura Amerika mu masezeranso y’i Paris.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG