Uko wahagera

Abana 15 Barishwe n'Urucanco Rurimwo Imigera muri Sudani y'Epfo


Abana 15 barapfuye inyuma y’aho baterewe incandago zirimwo imigera mu ntara yo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Sudani y’ubumanuko, igihugu kiri mu ntambara kuva mu mpera z’umwaka wa 2013. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu mur’ico gihugu.

Umushikiranganji Riek Gai Kok, mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru kur’uyu wa gatanu yatangaje ko abajejwe gutanga izo ncanco batubahirije amategeko yemejwe na OMS, yemeza kandi ko urushinge rumwe gusa arirwo rwakoreshejwe mur’iryo sekeza ryo gutanga urucanco rw’agasama ryamaze imisi ine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG