Uko wahagera

Amakungu Arababajwe n'Iva ry'Amerika mu Masezerano y'i Paris


Isanamu ya kera yerekana Perezida w'Amerika Donald Trump na bagenzi we bagize Ishirahamwe NATO.
Isanamu ya kera yerekana Perezida w'Amerika Donald Trump na bagenzi we bagize Ishirahamwe NATO.

Abakuru b’ibihugu kw’isi hamwe n’amashirahamwe aharanira ibidukikije bagaragaje ko bababajwe n’ingingo yafashwe na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yo kuva mu masezerano y’I Paris yo gukingira ibidukikije, amasezerano atumbereye guhangana n’ibibazo biterwa n’ihindagurika ry’ibihe.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yatangaje mu ndimi z’igifaransa n’icongereza ko Trump yakoze ikosha rikomeye ritazibagiranwa.

Macron yatangaje ko abashakashatsi hamwe n’abagwizatunga bahawe ikaze m’Ubufaransa aho bashobora gukorera hamwe kugira batorere umuti ibibazo biterwa n’ihindagurika ry’ibihe, no gukingira ibidukikije.

Nayo Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel yavuze ko iyi ngingo idashobora guhagarika ababona ko ari ngombwa gukingira isi.

Perezida wa Ghana, John Dramani Mahama abicishije k’urubuga rwiwe rwa Twitter, nawe yatangaje ko Reta zunze ubumwe z’Amerika yikuye mu ruhara rwo kuba igihugu gifise igihagararo kw’isi.

Aya masezerano y’I Paris ku bidukikije asaba abayateyeko umukono kugira utwigoro mu kugabanya ivyuka barungika mu kirere bituma isi ishuha, bica bituma urugero rw’amazi mu biyaga ruduga. Ubushinwa nico gihugu ca mbere kw’isi kirungika ivyuka vyinshi mu kirere.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ibaye igihugu kigira kabiri inyuma ya Nicaragua na Siriya vyahisemwo kudatera umukono kur’ayo masezerano.

Hua Chunying, umuvugizi w’umushikiranganji w’Ubushinwa w’imigenderanire n’amakungu yatangaje kur’uyu wa gatanu ko amasezerano y’I Paris ar’umutwaro Ubushinwa bwikoreye nk’igihugu ca mbere gihungabanya ibidukikije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG