Uko wahagera

Filipine:Amasasi n'Amabombe Vyasavye kw'Ihoteri, Resorts World Manila


Umwotsi uriko uva mw'ihoteri, Resorts World Manila
Umwotsi uriko uva mw'ihoteri, Resorts World Manila

Amasasi n’inkoho vyasanye mu kibanza kirimwo ihoteri yitwa, Resorts World Manila, ahitwa Pasay, mu bumanuko bw’umurwa mukuru wa Filipine, Manille. Ku bw’itangazamakuru, abantu bitwaje ibirwanihso bamijagiye amasasi ku bashitsi n’abakozi mur'iyo hoteri, bakomeretsa bikomeye abantu batari bake.

Amasanamu yashizwe ku nbuga ngurukanabumenyi yerekanye umwotsi uriko uva mw’ihoteri, Resorts World Manila.

Abapolisi n’abajejwe gutabara bararungitswe mu kibanza iyo heteri irimwo. Ntawashobora kwinjira canke gusohoka mur’ico kibanza.

Nah’atawiyitiriye buno nyene ico gitero, kibaye mu gihe igisirikare ca Filipine kiriko kirwanya Reta ya Kiyislamu mu gisagara ca Marawi kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG