Uko wahagera

HRW Isaba Abategetsi b'Afurika Kuremera Kabila


Perezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo

Ishirahamwe riharanira uburengenzira bwa kiremwa muntu, Human Rights Watch rihamagarira abakuru b’ibihugu muri Afurika kuremera perezida Joseph Kabila agatunganya amatora y’umukuru w’igihugu.

Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi wa HRW k’umugabane w’Afurika, Ida Sawyer abicishije ku butumwa bwa email.

Sawyer asaba abategetsi bahurikiye mu muryango w’Ubumwe bw’Afurika, abo mu karere k’Afurika yo hagati hamwe n’abahurukiye mw’ishirahamwe ry’ibihugu bishinzwe iterambere rya Afurika yo mu bumanuko, SADC cane cane Angola gubitangaza ku mugaragaro no gushikiriza intambamyi vyogira ku migenderanire hagati y’ivyo bihugu na Kongo mugihe yoguma k’ubutegetsi.

Sawyer arashima kandi ibihano vyafashwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya ku bategetsi umunani bajejwe umutekano hamwe n’umwe yahoze mu mihari irwanya reta ya Kongo banengwa guhungabanya agateka ka kiremwa muntu.

Kubwiwe, inama ya ONU ijejwe umutekano nayo nyene yar’ikwiye gufatira ibindi bihano abategetsi ba Kongo.

Republika iharanira demokarasi ya Kongo iri mu bihe vy’umutekano muke vyavutse kuva aho bigaragariye ko perezida Kabila yanse gutanga ubutegetsi kandi ikiringo ciwe ca kabiri yemererwa n’amategeko carangiye mu mpera z’umwaka wa 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG