Reta zunze z’Amerika yafatiye ibihano vy’ubutunzi uwundi mutegetsi mukuru mu gisirikare ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo.
Jenerali François Olenga, ajejwe urwego rucungera umukuru w’igihugu yagirizwa n’Amerika kubangamira demokarasi mu gihugu mu gushigikira igumizwa rya perezida Joseph Kabila k’ubutegetsi inyuma y’aho ikiringo ciwe nk’umukuru w’igihugu kirangiriye mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Urwego arongoye rwagirizwa kandi kuba rwarakubaguye abatavuga rumwe n’ubutegetsi, rukora ubwicanyi ndengera butungane, kandi rubangamira ibikorwa vy’indorerezi za ONU nkuko bibandanya bivugwa n’ubushikiranganji bw’ikigega ca reta muri Amerika.
Ubutunzi jenerali Olenga afitiye muri Amerika bwafashwe kandi nta migenderanire iy’ariyo yose yemerewe kugirana n’abari k’ubutaka bw’Amerika, eka n’inyubakwa zihurumbirwa n’ingenzi, Safari Beach, ziri ku nkengera z’umurwa mukuru Kinshasa yahora arongoye ntabubasha akizifiseko.
Facebook Forum