Abategetsi b’igisirikare ca Filipine batangaje ko kur'uyu wa kane, ko kimwe mu bitero vy'indege bakoze bagamije gusambura abarwanyi bakorana n’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu mu gisagara ca Marawi, cahitanye abasirikare 10 baco, gikomeretsa abandi 7.
Delfin Lorenzana, umushikiranganji wa Filipine ajejwe kwivuna abansi yabwiye abamenyeshamakuru yuko kubera ukudategura neza ico gitero, vyatumye abantu babo bakigwamwo.
Ico gitero kitagenze neza cari kimwe mu bitero vy'indege vyakozwe kuwa gatatu aho abasirikare ba Filipine bagwanira kubutaka bariko bagerageza kwomora iyo migwi y’abagwanyi.
Facebook Forum