Uko wahagera

Abimukira Bashika 44 Barishwe n'Inyota


Abimukira Berekeza muri Libiya
Abimukira Berekeza muri Libiya

Abimukira bashika 44, barimwo abana baratowe ibiziga mu bugaragwa bwo mu ntara ya Agadez, iri mu buraruko bwa Nijeri, bariko bagerageza kuja mu gihugu kibanyi ca Libiya mu nyuma berekeze ku mugabane wa Bulayi.

Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kane n’umukuru w’intara ya Agadez, Rhissa Feltou ariko ntiyatangaje icabishe.

Umuryango utabara imbabare kw'isi, Croix-Rouge, nawo nyene uravyemeza kandi utangaza ko uriko uratororokanya amakuru kur’iyo nkuru.

Amakuru yatanzwe n’abajejwe umutekano avuga ko abo bimukira, barimwo abana n’abakenyezi bishwe n’inyota kuko imodoka barimwo yapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG