Uko wahagera

Inzira Nshasha ya Gali ya Moshi muri Kenya Yuguruwe


Itereni mu nzira nshasha ya gali ya moshi muri Kenya

Igihugu ca Kenya cuguruye ku musi wa gatatu inzira nshasha ya gali ya moshi izogabanyamwo kubiri ikiringo c’ukugenda hagati y’ibisagara vya Nairobi na Mombasa.

Perezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta n’abategetsi batari bake b’abashinwa n’ab’igihugu ca Kenya bari mw’itereni mu birori vy’ukwugurura inzira yayo nshasha igihe yava mu gisagara ca Mombasa igana umurwa mukuru, Nairobi.

Kenya yubatse iyo nzira nshasha ya gali ya moshi ibifashijwemwo n’ingurane zatanzwe na Reta y’Ubushinwa.

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta avuga kw’uwo mugambi uzohindura ubutunzi bw’igihugu n’ubutunzi bw’abanyakenya bose.

Reta ya Kenya ivuga kw’amatereni mu nzira nshasha ya gali ya moshi azoshobora gutwara abantu barenga ibihumbi bitatu ku musi.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG