Uko wahagera

Bombe Ikomeye cane Yaturitse i Kabul


Bombe ikomeye cane yaturitse uno musi ku wa gatatu mu gitondo mu gice kirimwo ambasade zo mu mahanga ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul. Yahitanye abantu mirongo icenda abandi barenga amajana yabwiye Ijwi rya Amerika ibitigiri vy’abapfuye n’abakomeretse amasaha makeyi inyuma yukw’iyo bombe ituritse.

Imbere yaho, umuvugizi w’Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bw’igihugu ca Afuganistani, Wahidullah Majroh yatangaje kw’igitigiri c’abapfuye ari mirongo umunani, kandi ko gishobora kwiyongera.

Iyo bombe yaturikiye mu gice co hagati ku murwa mukuru, Kabul, ikibanza kirimwo ambasade z'ibihugu vy'amahanga n’ibiro vya Reta. Umushikiranganji ajejwe imigenderanzire w’Ubudagi, Sigmar Gabriel, yatangaje ku rubuga Twitter, kw’umwe mu bajejwe kwubahiriza umutekano kuri ambasade y’ico gihugu ari mu bapfuye, mu gihe abakozi batari bake b’iyo ambasade bakomeretse. Yononye kandi imodoka zitari nke n’inyubakwa ziri hafi yaho.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG