Uko wahagera

Guterres Asaba Amerika Kutava mu Masezerano y'i Paris


Antonio Guterres, Umunyamabanga mukuru wa onu (i bubamfu). Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu (i buryo)
Antonio Guterres, Umunyamabanga mukuru wa onu (i bubamfu). Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n'ayandi makungu (i buryo)

Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yateye akamo, kur’uyu wa kabiri, Reta irongowe na Prezida Donald Trump, wa Amerika, ko kutava mu masezerano y’I Paris, ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere. Guterres avuga ko ayo masezerano azofasha mu myaka itari mike y’imbere, ubutunzi hamwe n’umutekano wa Amerika.

Ivyo Guterres yabitangarije mw’ijambo yashikirije abanyeshure, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’abarongozi mu bikorera utwabo, muri Kaminuza y’i New York, aho yashikirije ico yibaza ku bijanye n’ivyashikirijwe na Reta ya Trump. Ni mu gihe abategetsi ba Amerika baheruka gutangaza ko bashobora kuguma mur’ayo masezerano, canke bakayavamwo.

Antonio Guterres yatangaje ko yiyemeje kuzoganira na Reta irongowe na Prezida Trump, hamwe n’inama nshingamateka kugira abatahuze inyungu zo kuguma mur’ayo masezerano. Guterres akavuga ko nyabuna amakungu yarakwiye gutangura gushira mu ngiro ayo masezerano kugira bashobore gushika kuvyo biyemeje, na rirya abahinga bamaze kwerekana ko uburyo ikirere kibangamiwe bimaze gutangura kugira ingaruka kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG