Uko wahagera

SENEGAL: Abdulaye Wade Azokwitoza Mu Nama Nshingamateka


Abdoulaye Wade

Abdoulaye Wade yahoze ari Prezida w’igihugu ca Senegal, afise imyaka 91 muri iki gihe, azoza ubwa mbere ku rutonde rw’abakandida batavuga rumwe na Reta mu matora y’abashingamateka ategekanijwe kw’itariki ya mirong’ itatu y’ukwezi kw’indwi.

Ivyo vyatangajwe n’abafasha biwe ku muhingamwo wo ku musi wa mbere, inyuma y’uko urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta irenga mirong’ ine rusambukiye.

Bitegekanijwe kw’ikirangamisi c’ugushikiriza amazina y’abakandida mu matora y’abashingamateka yo mu kwezi kw’indwi kirangira mw’ijoro ry’uno musi ku wa kabiri. Nta myaka abakandida barondera kwitoza mu nama nshingamateka basabwa kutarenza, ihari.

Intsinzi y’abashingamateka batavuga rumwe na Reta ya Prezida Macky Sall yotuma Abdulaye Wade ashobora gutuma umuhungu wiwe, Karim Wade agirirwa ikigongwe.

Karim Wade yaciriwe umunyororo w’imyaka itandatu mu mwaka w’i 2015 kubera amatungo yiwe yagirijwe ko yaronse mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Karim Wade yararonse imbabazi z’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’i 2016, inyuma yuko amaze igihe kirenga imyaka itatu mu munyororo. Mur’ iki gihe akaba aba hanze y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG