Uko wahagera

USA: Trump Avuga Kw’Ibirego Ku Ruhara Rw’Uburusiya Ar’ibinyoma


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump atangaza kw’abategetsi b’igihugu c’Uburusiya bategerezwa kuba bariko baratwenga Amerika kubera amatohoza atera yiyongera yerekeye nimba Uburusiya bwarivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka uheze.

Perezida Trump avuga kw’ivyo vyagirizo ar’icitwazo kitagira ishingiro c’abademokrate kugira baronke insiguro yamatora y’umukuru w’igihugu bananiwe gutsinda mu mwaka uheze.

Mu vyo yasohoye ku kibanza candikirwako amakuru, Twitter uno musi ku wa kabiri, Perezida Trump yavuze kw’amatohoza ku bari bajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza kwiwe, bikekwa ko bakoranye n’abategetsi b’Uburusiya kugira bamufashe gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu, afatiye ku makuru y’ibinyoma.

Hillary Clinton yahoze ar’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatsinzwe na Trump mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uheze, yavuze kw ukwivanga kw’Uburusiya mu matora yo mu mwaka uheze, kuri mu vyatumye atsindwa mur’ ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG