Uko wahagera

IRAKI: Ibitero Vya Bombe Vyahitanye Ubuzima Bw’Abantu 27


Abasivili bari irunde y'imodoka yasambuwe n'ikibombe

Ibitero bibiri bitandukanye vy’amabombe ku mabarabara yuzuyemwo abantu n’imodoka ku murwa mukuru w’igihugu ca Iraki, Bagdad, vyahitanye abantu mirongo ibiri n’indwi mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri. Abandi batari bake bakomeretse.

Ikibombe ca mbere caturikiye hafi y’imangazini igurisha amabarafu mu gice kigenderwa n’abantu benshi ku murwa mukuru citwa Karrada.

Ico kibombe cahitanye abantu cumi na batandatu,congera gikomeretsa abandi mirongo irindwi na batanu.

Amasaha makeyi inyuma yaho ikibombe kigira kabiri caturikiye hafi y’ibiro vya Reta mu gice c’umurwa mukuru citwa, Shawaka. Ico kibombe cahitanye abantu cumi n’umwe.

Reta ya Kiyislamu yatangaje kw’ariyo yakoze ivyo bitero vyompi. Uyo murwi umenyesha ko vyari ibitero vy’abihevyi vyarondera abayislamu b’abashite aribo benshi mu gihugu ca Iraki.

Ivyo bitero bibaye imisi mikeyi inyuma y’aho abayislamu batanguye kwubahiriza ukwezi guhezagiye kwa Ramazani.

Reta ya Kiyislamu yaragize uruhara kandi mu gitero ca bombe catewe mu gihe ca Ramazani mu mwaka uheze, cahitanye abantu bagera ku majana atatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG