Uko wahagera

Umuyobozi ajejwe Itangazamakuru muri White House Yatanze Imihoho


Trump White House

Umuyobozi mu vyo kumenyesha amakuru mu biro kwa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Dubke yatanze imihoho inyuma y’amezi atatu gusa yar’amaze mur’ayo mabanga.

Dubke yabwiye ikinyamakuru POLITICO candikira muri Amerika ko yahaye Perezida Donald Trump urwete rwo gutanga imihoho kw’italiki 18 z’ukwezi kwa gatanu kandi amenyesha ko yamuhaye uburenganzira, ariko amenyesha ko azogenda ar’uko Trump arangije urugendo yarimwo mu mahanga.

Nta mvo y’iryo tanga imihoho yamenyeshejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG