Uko wahagera

Uwagandaguye abantu 8 muri Mississippi yafashwe.


Armed police officers keep watch over junior runners competing in the Great Manchester Run in central Manchester, May 28, 2017.

Umugabo yishe abantu umunani kumusi wa gatandatu abarasiye mumazu atatu atandukanye muri reta ya Mississippi ya reta zunze ubumwe za amerika, yaraye afashwe n’igipolici.

Willie Corey Godbolt w’imyaka 35 yafashwe inyuma yaho agiriye ivyo bitero bivugwa ko vyatanguye ahejeje gushwana n’umugore wiwe hamwe n’umuryango uwo mugore aturukamwo.

Umwe mu baguye muri ivyo bitero n’umutegetsi mu gipolisi yitwa William Durr w’imyaka 36.

Avugana n’ikinyamakuru co muri ako karere, Godbolt yavuze kw’ishavu ryiwe ritari kuri uwo mupolisi, ariko ko kubera uwo mupolisi yari aje gutabara nkuko abapolisi babikora mukazi kabo, yaguye muri ukwo gushamirarana. Godbolt ati “ndasavye imbabazi”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG