Uko wahagera

Trump: Ibimenyeshamakuru vy'ububeshi nibo bansi.


Trump US G7
Trump US G7

Ku musi wa mungu Prezida wa Amerika Donald Trump yagarutse mubuzima bw’I Washington amaze kumenyera amaze imis ahangana n’ibinyamakuru ku makuru bamaze imisi bandika ku bijanye n’imigenderanire abakora mubiro vyiwe bafitaniye n’igihugu c’Uburusiya.

Mu gitondo cambere avuye murugendo yari amazemwo imisi icenda mubihugu vy’abarabu n’iburaya, Trump yanditse kurubuga rwiwe rwa Twitter ati: “urugendo rwagenze neza kubwa reta zunze ubumwe za amerika. Ati “vyabaye ibikogwa bihambaye ariko vyashitse kubikomeye”

Inyuma y’ayo majambo, ako kanya nyene Trump yaciye atangura kwidogera ibinyamakuru.

Kuri Twitter, Trump yanditse ati “Ku bwanje, amakuru yitwa ko ari ayibanga agenda ava mubiro vy’umukuru w’igihugu, n’ibinyoma vyandikwa n’ibinyamakuru vy’ububeshi. Ati, “buri gihe mubonye ivyo binyamakuru vy’ububeshi vyanditse ngo “amakuru twashoboye kuronka” ariko ntibavuge amazina y’abayabahaye, usanga ahanini abo bantu bavuga ko babahaye ayo makuru batabaho. Trump ati “ibimenyeshamakuru vy’ububeshi, n’ibo bansi”.

Umushikirizamanza adasanzwe, ariko aratohoza nimba bamwe mubakozi mubiro vya Trump barakoranye mu buryo buteye kubiri n’amategeko n’igihugu c’Uburusiya, kugira ico gihugu gifashe Trump gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG