Uko wahagera

Inkino Kimwe Mu Bigarukana Amahoro mu Burundi


Ishirahamwe ry’urwaruka rwo mu muryango w’ibihugu vyo mu muryango wa afirika y’ubuseruko ryatunganije kur’uno wa gatandatu inkino zo kwinonora imitsi i Bujumbura mu Burundi.

Izo nkino zo gusiganwa n’amaguru zatunganijwe ni kimwe mu bitsimbataza amahoro. Ivyo bivugwa n’umukuru w’urunani rw’amashrahamwe yo kwinonora imitsi mu Burundi.

Uwurongoye urunani rw’amashirahamwe yo kwinonora imitsi mu Burundi Dieudonné Kwizera avuga ko inkino ziri mu bigarukana amahoro aho hose aba yatosekaye.

Leta y’Uburundi yari yitavye izo nkino zo kwinonora imitsi.

Umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu yabwiye Ijwi ry’Amerika ko kubona ishirahamwe ry’urwaruka ruturuka mu bihugu bihurikiye mu muryango wa Afirika y’ubuseruko ko ari ikimenyamenya ko Uburundi ari nyabagendwa

Iruhande y’abarundi bitavye izo nkino co kimwe n’abaje bava mu bihugu bibanyi, harimwo n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Uwuserukira Leta zunz’ubumwe za Amerika mu Burundi Umupfasoni Anne Casper yavuze ko afise umunezero wo kubona yifadikanije n’abandi mur’ivyo birori.

Nyamitwe yateye akamo Abarundi bahunze igihugu guhunguka bakaza gufashanya na bene wabo kubaka igihugu.

Ivyo birori vyo kwinonora imitsi vyuguruwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NkurunzizaA vyitabwe n’urwaruka rwo mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Afirika y’ubuseruko kiretse igihugu c’U Rwanda.

Bamwe n’abandi bibaza ko vyoba vyaturutse ku migenderanire y’Uburundi n’ico gihugu itifashe neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG