Uko wahagera

Abantu indwi barapfuye hagati yo ku musi wa gatatu no ku musi wa kane bahitanywe n’isenyuka ry’impome bitumwe n’imvura y’isegenya yaguye mu gisagara ca Abidjan mu gihugu ca Cote d’Ivoire uno musi ku wa gatanu. Ivyo vyatangajwe n’abajejwe gutabara.

Ku musi wa gatatu, mu gice ca Angre, abantu babiri barapfuye bivuye kw’isenyuka ry’uruhome rw’amazu atubakishijwe ibikoresho birama. Ku musi wa kane abantu batanu barapfuye bahitanywe n’isenyuka ry’uruhome.

Imvura y’isegenya yaguye kuva ku musi wa gatatu yatumye haba umwuzurane, ibintu bitari bike bikaba vyarononekaye mu bice bitari bike bibamwo abanyagihugu mu gisagara ca Abidjan.

Abantu batari bake barakuwe mu mazu yabo. Imvura y’isegenya ituma kenshi abantu bapfa mu gisagara ca Abidjan. Mu mwaka w’i 2016, abantu cumi na batandatu barapfuye, mu gihe abantu mirongo itatu n’icenda bapfuye mu mwaka w’i 2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG