Uko wahagera

Inama ya G7 Ku Kibazo ca Koreya ya Ruguru


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump abonana n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyaoani, Shinzo Abe mu nama ya G7
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump abonana n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyaoani, Shinzo Abe mu nama ya G7

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Tump yatangaje kw’iterabwoba n’igihugu ca Koreya ya ruguru arivyo bizoshimikirwako mu nama y’abategetsi b’ibihugu indwi bikomeye kurusha ibindi vyo kw’isi mu vyerekeye ubutunzi, itangura kur’uyu musi ku wa gatanu mw’izinga rya Sicile.

Yicaye hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, Perezida Trump yatangaje kw’inama y’ibihugu indwi bikomeye kurusha ibindi vyo kw’isi mu vyerekeye ubutunzi izoshimikira cane cane ku kibazo ca Koreya ya ruguru.

Perezida Trump avuga ko naho iterabwoba kizoba ikibazo abategetsi b’ivyo bihugu bazoshimikirako mu kiringo c’imisi ibiri c’inama yabo, igeragezwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda na misile balistike ar’ikibazo gikomeye cane gitegerezwa gutorerwa inyishu. Yatangaje kw’ari ikibazo amakungu ategerezwa kwicarira.

Ubudandaji n’ikindi kibazo gikomeye abategetsi b’ivyo bihugu bazokwihweza. Bizeyeko bazoshobora kworosha aho Perezida Trump ahagaze ku vyerekeye ubudandaji n’ihindagurika ry’ibihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG