Uko wahagera

USA: Sessions Asaba Sentare Gusubiramwo Ingingo y'Abimukira


Jeff Sessions
Jeff Sessions

Umushikiranganji w’ubutungane wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jeff Sessions, yatangaje ko agiye gusaba sentare nkuru y’Igihugu ko yokwihweza neza ingingo ya sentare, yahagaritse itegeko rya Prezida Donald Trump ku bijanye no kubuza abanyagihugu baturuka mu bihugu vy’abarabu, bishika kuri bitandatu, kwinjira k’ubutaka bwa Amerika.

Itangazo ryasohotse kur’uyu wa kane rivuga ko iryo tegeko rya Prezida Trump ryubahiriza amategeko ku bijanye n’uko umutekano w’igihugu wubahirizwa. Sessions yavuze kandi ko Ubushikiranganji bw’ubutungane butemera ingingo yafashwe na sentare yo guhagarika iryo tegeko. Akavuga ko agiye gusaba ko sentare nkuru yosubiramwo kwiga iyo ngingo.

Ivyo vyabereye muri sentare y’Igihugu ikukira igisagara ca Richmond, muri Reta ya Virginie. Kur’uyu wa kane, sentare y’intango ikaba yari yatangaje ko iryo tegeko rya Prezida ribuza aba isilamu kwinjira, kandi ko ryisunga ivyo Prezida Trump yagiye arashikiriza mu gihe c’imyiyamamazo y’Umukuru w’Igihugu, m’umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG