Uko wahagera

Umunyepolitike Mmusi Maimane Yankiwe Kwinjira muri Zambiya


Umuyobozi w'umugambwe utavuga rumwe na Reta ya Afrika y'epfo, Mmusi Maimane
Umuyobozi w'umugambwe utavuga rumwe na Reta ya Afrika y'epfo, Mmusi Maimane

Abategetsi b’igihugu ca Zambiya bankiye, Mmusi Maimane ayoboye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Afrika yepfo, Democratic Alliance, kwinjira mu gihugu ku musi wa kane.

Bamwankiye bavuga ko yashigikiye Hakainde Hichilema, ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta ya Zambia, United Party, apfunzwe.

Mmusi Maimane, yari agiye ku murwa mukuru wa Zambiya, Lusaka kurorera urubanza rwa, Hakainde Hichilema yagirizwa guhemuka. Maimane avuga kw’abapolisi ba Reta ya Zambiya bamwankiye kwinjira mu gihugu. Amenyesha ko binjiye mu ndege yarimwo, South Africa Airlines buno nyene igihejeje kwururukira ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Lusaka.

Bitegekanijwe kw’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na Reta ya Zambiya, United Party, Hakainde Hichilema aja imbere y’intahe ku musi wa gatanu ku vyagirizo vy’uko yageramiye ubuzima bwa perezida wa Zambiya mu kwezi kwa kane, igihe imodoka zari zimuherekeje zanka guha inzira imodoka yari itwaye umukuru w’igihugu yariko igerageza kurengana.

Umuboyozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta ya Afrika y’epfo, Mmusi Maimane, yariyamirije yivuye inyuma ivyagirizo vy’ibihimbano kuri Hichilema. Yaranabaguye Reta ya Afrika y’epfo kuba itiyamirije ivyo vyagirizo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG