Uko wahagera

Isabelle NDAHAYO Yarahiye Imbere ya EALA


EALA
EALA

Umushikiranganji mushasha w’Uburundi ajejwe ibibazo vyerekeye umuryango w’Afrika y’ubuseruko, kur’uyu wa kane niho yarahira imbere y’Inama nshingamateka y’uwo muryango.

Isabelle Ndahayo, yiyemeje ko azokora atiziganya ku nyungu zo guteza imbere uwo muryango w’Afrika y’ubuseruko, kandi ko azokubahiriza amategeko, ko atazohemuka canke ngo agire ahahengamira.

Ndahayo, avuga ko ico azoshira imbere, ari ugukora ibishoboka vyose kugira Uburundi bukure inyungu ziboneka mur’uwo muryango w’akarere k’ibihugu 6 kuko hiyongereyemwo Sudani y’epfo.

Amenyesha ko n’ikibazo c’imigenderanire itifashe neza hagati y’Uburundi n’U Rwanda atazogisiga inyuma mu vyo azokwihutira gukora.

Izabelle Ndahayo agarutse aho yahora yicara mur’iyo nama nshingamateka ari umushikiranganji, mu gihe uwo asubiriye nawe Leontine Nzeyimana azogaruka ari umushingamateka kuko aheruka gutorwa mu bandi icenda bazoserukira Uburundi mu kiringo gikurikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG