Uko wahagera

Obama Asaba Abatuye Isi Kudakumira Ababasanga


Barack Obama yahoze ari perezida wa Amerika, yagabishije amakungu uno musi ku wa kane ari mu Budagi ku kwiyongera kw’urwanko rw’abanyamahanga n’ukwikumira kw’ibihugu bimwe bimwe vyo kw’isi.

Obama yatangaje ko mu bihe vya none abantu babamwo, badashobora kwikumira. Amenyesha ko badashobora kwinyegeza inyuma y’impome.

Ivyo Obama yabitangaje ari kumwe na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel igihe Ubudagi bwariko buhimbaza imyaka 500 irangiye idini ry’Abaprotestanti ritunganijwe gushasha.

Barack Obama yatangaje ko we na bamwe mu bandi bategetsi b’ihihugu vyo kw’isi bagize ibibazo ku vyerekeye kuvyifatamwo ku bijanye n’abimukira mu gihe baba bariko barondera kwubahiriza ivyo bemereye abanyagihugu bafise amikoro make.

Perezida Obama yatangaje ko bategerezwa kurwanya abashaka gutyoza agateka ka muntu canke kugeramira demokrasi canke kugabanya ubwigenge bw’ikiremwa muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG