Uko wahagera

Amerika Yagirizwa Gutangaza Amabanga k'Ubwongereza


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May na Donald Trump w'Amerika mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May na Donald Trump w'Amerika mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May yatangaje ko kur’uyu wa kane ahava ashikiriza Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump amakenga afise ajanye nuko Amerika isohora amabanga ku matohoza ariko arakorwa ku gitero cabereye mu gisagara ca Manchester.

Igipolisi c’Ubwongereza gisanzwe kiri mur’ayo matohoza, carakaye gica kimenyesha ko gihagaritse guhanahana amabanga n’Amerika, ivyo vyashikirijwe n’ikinyamakuru BBC c’Abongereza.

Amakuru yatangajwe n’itororokaniro ry’amakuru, Reuters ry’abanyamerika kur’uyu wa kane avuga ko iyo ngingo y’Ubwongereza izogumaho kugeza Washington ivuze ko ata mabanga izosubira gutangaza.

Ubwongereza bushavuzwa n’uko ibinyamakuru vyo muri Amerika vyatangaje izina ry’uwagavye igitero c’ubwiyahuzi, amakuru vyavuze ko vyahawe n’abategetsi b’Amerika imbere yuko Ubwongereza bubivuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG