Uko wahagera

Ibiganiro vy'Amahoro Vyatanguye muri Sudani yo mu Bumanuko


Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko
Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko

Umuyobozi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU muri Sudani y’Ubumanuko, David Shearer, yatangaje ko Perezida Salva Kiir yatanguje k’umugaragaro ibiganiro mu gihugu, bimaze igihe bisabwa, kandi ko intambara zahagaze. Shearer avuga ko ivyo biganiro bikwiye kwitabirwa n’abo vyega bose kugira bishobore gusubiza hamwe imigwi ishamiranye.

Perezida Kiir yaratangaje kandi ko bagiye kwiga ikibazo c’abanyepolitike bapfunzwe. Naho bir’uko, Shearer avuga kw’atari bwo bwa mbere Prezida Kiir atangaza ko intambara ihagaze. Shearer avuga kandi ko hazoba kwihweza neza igitiri c’abanyepolitike bazoba koko barekuwe.

Joseph Mourn, intumwa ya ONU muri Sudani y’Ubumanuko, yabwiye Inama y’umutekano ko agahengwe ko guhagarika intambara katumye haba ukudakumirana mu biganiro, kandi ko ubu vyoroshe gushikiriza imfashanyo abari m’uturere turimwo inzara.

Ivyo bibaye mu gihe inama y’umutekano yari yabanje gufatira ibihano abo bose babangamiye akigoro ka ONU, mu gikorwa co guhagarika intambara. Kur’uyu wa gatatu, abagize inama y’umutekano ya ONU bakaba basubiye kwemeza bose hamwe ibihano biri kuri Sudani y’Ubumanuko, mu kiringo c’uwundi mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG