Uko wahagera

UNICEF Iratabariza Abana bo muri Kongo-Kinshasa


Kuri uno musi wa gatatu, ibiro vya ONU bijejwe kwitaho abana kw’isi, UNICEF bimenyesha ko abana bagera ku bihumbi 400 mu karere ka Kasai muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo, bahanzwe n’ikibazo co gufungura nabi.

Mu rwandiko rwasohowe na UNICEF, bavuga kandi kw’ ubwicanyi buri mu karere kagizwe n’amaprovince atanu ya Kongo, bwatumye hibonekeza ibibazo bikomeye mu rwego rw’ubuvuzi.

UNICEF ivuga kw’ ica gatatu kirenga c’amavuriro ari hagati na hagati ya Kongo muri province ya Kasai, yahagaritse gukora kubera ibibazo vy’umutekano hamwe n’ukutagira ibikoresho vyo kuvura abantu.

Urwo rwandiko rwa UNICEF ruvuga kandi kw’ umutekano muke watumye ubworozi butagenda neza, ivyo bigatuma hashobora kwaduka ibibazo bikomeye vyo gufungura nabi n’ikena ry’ibifungurwa ku bana bakiri bato.

Kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze, akarere ka Kasai karanzwe n’intambara hagati y’abasirikare ba reta n’umurwi witwaje ibigwanisho uzwi kw’izina rya Kamwina Nsapu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG