Uko wahagera

Abasirikare amajana n’amajana basubijwe mu buzima busanzwe muri Cote d’Ivoire, bihereje amabarabara mu gisagara ca Bouake, kiri hagati mu gihugu uno musi ku wa mbere. Basaba ko Reta ibaronsa amafranga bavuga kw’ibaheraniye.

Reta ya Cote d’Ivoire yari yemeye gufasha abahoze barwanya ubutegetsi bagera ku bihumbi bitandatu basubijwe mu buzima busanzwe gushinga imigambi y’ukwiteza imbere.

Yamara batangaje ko badashaka imigambi y’ukwiteza imbere, kw’ahubwo bashaka amafranga abona.

Bihereje amabarabara mu gisagara ca Bouake, mu gihe abandi batari bake bagize imyiyerekano ku murwa mukuru, mu vy’ubutunzi, Abidjan.

Iyo myiyerekano ibaye imisi mikeyi inyuma y’umugumuko w’abasirikare bahzoze barwanya ubutegetsi wamaze imisi ine. Basana kuronswa agashirukabute bari bemerewe bataronse.

Abasirikare basubijwe mu buzima busanzwe bagize imyiyerekano uno musi ku wa mbere nabo nyene basaba agashirukabute nkako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG