Uko wahagera

Perezida Trump Aranenga Inyifato ya Irani


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yifatiye mu gahanga inyifato y’agasomborotso y‘igihugu ca Irani hamwe n’imigambi ya gisirikare y’ico gihugu igihe yashika mu gihugu ca Israel uno musi ku wa mbere. N’urugendo rwiwe rwa mbere agize muri ico gihugu mu mabanga ya perezida wa Amerika.

Perezida Trump yatangaje ko Amerika na Israel bitegerezwa gukomeza ugukorera hamwe kugira ivyo bihugu bihangane n’ibibazo bisangiye nka Reta ya Kiyislamu n’iyindi mirwi y’iterabwoba hamwe n’ibihugu nka Irani bishigikiye iterabwoba. Ameneysha ko bakoreye hamwe na Israel bazohagarika ubwicanyi bwahitanye ubuzima bw’abantu batari bake muri Israel no mu bindi bice vyo kw’isi.

Ivyo Perezida Trump yabitangarije mu gisagara ca Yeruzalemu, ari kumwe na perezida w’igihugu ca Israel, Reuven Rivlin imbere y’ibiganiro n’umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu.

Perezida Trump yashitse muri Israel mu rugendo rw’imisi ibiri avuye muri Arabiya Saudite.

Yagendeye uno musi ku wa mbere uruhome ruhezagiye rwiswe, “Western Wall”, mu nrurimi rw’icongereza, canke “Mur des Lamentations” mu rurimi rw’igifransa, mu gisagara ca Yeruzalemu. N’ikibanza aho abayahudi basengera.

Nirwo rugendo rwa mbere muri ico kibanza gihezagiye rw’umuperezida wa Amerika mu gihe ari mu mabanga yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG