Uko wahagera

Sudani: Abantu 5 Bishwe n'Umuriro Waturiye Ububiko bw'Ibirwanisho


Ikarata ya Darfur

Muri Sudani, abantu batanu bapfuye abandi 67 barakomereka inyuma y’aho ububiko bw’ibirwanisho bwo mu gisagara ca Nyala, mu ntara ya Darfour buhiriye ku mugoroba wo kur’uyu w’imana, nkuko amakuru ava mu gisirikare no mu bajejwe amagara y’abantu abivuga.

Umuvugizi w’igisirikare ca Sudani, jenerali, Khalifa Chami, yatangaje ko ar’isanganya ryatewe n’umuyagankuba kandi ko utwigoro two kuzimya uyo muriro turiko turakorwa ariko nta bitigiri vy’abahasize ubuzima yatangaje.

Amakuru ava mu bajejwe amagara y’abantu avuga ko mu bakomeretse bamwe bamerewe nabi cane. Abanyagihugu bo mur’ako karere bashoboye kuvugana kuri telefone n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa ,AFP bashikirije ko batewe n’ubwoba ku buryo bamwe bataye ingo zabo barahunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG