Uko wahagera

Libiya: Abantu 141 Bishwe n'Abagwanya Igisirikare ca Reta


Muri Libiya, abantu bashika kw’ijana na mirongo ine n'umwe bagizwe ahanini n’abasirikare b’Igihugu barongowe na Jenerali Khalifa Haftar, baraguye mu gitero cabereye ku kirindiro kiri ku kibuga c’indege m’ubuseruko bw’Igihugu, kur’uyu wa gatanu.

Umuvugizi w’igisirikare, Ahmad al-Mismari, yabwiye Ikinyamakuru AFP, c’Ubufaransa, ko ico gitero cakozwe n’abagwanyi bayoboka Reta yavuye mu masezerano y’i Tripoli, ashigikiwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Abo basirikare baguye mur’ico gitero bavuye mu birori vya gisirikare, bakaba ata bigwanisho bari bafise.

Umukuru w’Igisirikare, Jenerali Khalifa Haftar, yateye ivyatsi ico gitero, yongera avuga ko ata ruhara abifisemwo. Haftar avuga ko hazokorwa amatohoza ku bakoze ico gitero, kandi ko umushikiranganji wo kwivuna abansi azoba arahagaritswe mu mabanga yiwe, gushika abakoze ico gitero bamenyekanye.

Abo bagwanyi batanguye kugwanira ubwigenge bwa Libiya kuva mu bihumbi bibiri na cumi na rimwe, aho Moammar Kadhafi akuriwe k’ubutegetsi. Gushik’ubu uwo muhari ukaba ushigikiye uburongozi buri m’ubuseruko bwa Libiya, butavuga rumwe n’igisirikare ca Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG