Uko wahagera

Siriya Yiyamirije Igitero c'ingabo za Amerika


Igihugu ca Siriya ciyamirije igitero c’inteko ziyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku kirindiro c’igisirikare ca Reta. Abategetsi ba Siriya bavuga kw’ico gitero cahitanye abantu batari bake, kironona n’ibitari bike.

Abategetsi ba Siriya batangaje kw’ibitero vy’indege z’igisirikare vyabaye uno musi ku wa gatanu hafi y’urubibe n’igihugu ca Jordaniya biriko bigeramira utwigoro tw’igisirikare ca Siriya n’abo bicuditse mu rugamba rw’ukurwanya Reta ya Kiyislamu.

Uburusiya bucuditse bikomeye na Siriya, bwavuze kw’ibitero vy’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika ku kirindiro c’igisirikare ca Reta, atawobisabirako.

Ku musi wa kane, abategetsi ba Amerika bamenyesheje kw’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika zagize ibitero ku nteko zishigikiye Reta ya Siriya. Izo nteko zariko zishira ibirindiro hafi y’ikambi y’igisirikare aho inteko zidasanzwe za Amerika ziriko zimenyereza abarwanyi b’abanyasiriya.

Inteko zishigikiye Reta ya Siriya zari ku bilometero 25 umuntu avuye kw’ikambi y’igisirikare y’ahitwa al-Tanf, aho inteko zidasanzwe za Amerika ziriko zimenyereza abarwanyi b’abanyasiriya igihe zaterwa n’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG