Uko wahagera

Siriya: Ibitero vya Reta Kisilamu Vyahitanye abarenga 50


Ibiziga vy'abahitanywe n'intambara hagati ya Reta ya Kisilamu n'abagwanyi begamiye Reta ya Siriya, mu ntara ya Hama, iri muri Siriya

Abagwanyi ba Reta ya Kisilamu bakoze ibitero mu bisagara bibiri biri muri Siriya hagati, mu ntara ya Hama, kur’uyu wa kane. Ivyo bitero vyahitanye abantu bashika kuri mirongo itanu, nk’uko vyatagajwe n’ibimenyeshamakuru bikorera mur’ako karere.

Amashirahamwe akurikirana ibibera muri Siriya amenyesha kandi ko intambara zikomeye zabaye hagati y’abagwanyi ba Reta ya Kisilamu hamwe n’abagwanyi begamiye Reta ya Siriya, mu bisagara vya Aqareb na Al-Mabujeh. Abanyagihugu cumi na batanu hamwe n’abagwanyi mirongo ibiri n'indwi, begamiye Reta nibo bahasize ubuzima.

Ikinyamakuru gikorera Reta ya Siriya catangaje ko abashika kuri mirongo itanu na babiri aribo bahitanywe n’izo ntambara, harimwo abana cumi na batanu. Ivyegeranyo bivuga kandi ko habaye guhohotera ubuzima bw’abantu, no gusahura amazu. Ivyo bitero vyatanguye igihe abagwanyi ba Reta ya Kisilamu batera mu karere gacunzwe n’abasirikare ba Reta. Abasirikare ba Reta bakaba babaye barakinjurira mu bindi bisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG