Uko wahagera

Prezida Trump Aranegura Uburyo Igenwa rya Mueller Ryagenze


Prezida Donald Trump, (i bubamfu). Robert Mueller, yagenywe kuyobora amatohoza k'Uburusiya (i buryo)

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko yemera igenwa ry’umuhanuzi adasanzwe ajejwe gukora amatohoza ku bijanye n’uruhara rw’Uburusiya mu myiyamamazo yiwe mu matora y’Umukuru w’Igihugu yabaye m’umwaka uheze. Yamara Prezida Trump avuga ko ata mwumvikano waranze iryo genwa. Ivyo Prezida Trump yabitangarije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu nyubakwa yiwe, kur’uyu wa kane.

Prezida Trump yavuze ko n’abansi biwe bemeza ko ata mwumvikano waranze iryo genwa, kandi ko ata ngorane afise n’ivyo abantu bashaka gukora. Mur’ico kiganiro, Prezida Trump yahakanye ko atigeze ahagarika amatohoza k’uruhara rw’Uburusiya, mu matora ya Amerika, yariko akorwa na James Comey, aheruka gukomborwa mu mabanga yiwe.

Robert Mueller, yaraye agenywe nk’umuhanuzi adasanzwe, azokora amatohoza ku birego bitandukanye biri kuri Prezida Donald Trump, harimwo n’imgenderanire y’Uburusiya, ikomborwa rya James Comey, hamwe n’inzitizi ziri mu gisata c’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG