Uko wahagera

USA: Imodoka Yesetse Abantu Hapfamo Umwe muri New York


Imodoka yesetse abantu bariko bagenda n’amaguru mu kibanza ca Times Square mu gisagara ca New York uno musi ku wa kane. Umuntu umwe yahasize ubuzima mu gihe abandi bantu batari bake bakomeretse. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi co mu gisagara ca New York.

Times Square n’igice kigenderwa cane n’ingenzi mu cice ca Manhattam mu gisagara ca New York.

Abantu cumi na batatu bavurwa ko bakomeretse. Amakuru ya mbere atangwa amenyesha ko bisa nuko ar’impanuka y’imodoka yabaye.

Iyo modoka yasetse abantu bariko bagenda n’amaguru yariko irasha inyuma yuko igize iyo mpanuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG