Uko wahagera

Ba Perezida Macron na Putin Bavuganye kuri Telefoni


Ubufaransa n’Uburusiya vyaganiye ukugene bishobora gukorana kurushiriza mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba. Ivyo vyabaye igihe perezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yavugana bwa mbere kuri telephone na perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, uno musi ku wa kane.

Abo bategetsi babiri bumvikanye ku vyerekeye gukorana ku bibazo biraje ishinga amakungu muri iki gihe, harimwo urugamba rw’ukurwanya iterabwoba.

Putin na Macron baganiye kandi ivyerekeye gukorana kurushiriza ku masezerano yo mu gisagara ca Minsk ku bijanye n’ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine. Ayo masezeranso yahagarikiwe n’ibihugu vy’Ubufransa n’Ubudagi. Abo bategetsi babiri baganiye kandi ku vyerekeye gushobora kubonana amaso mu yandi.

Imigenderanire hagati y’Ubufransa n’Uburusiya yaratosekaye igihe Ubufransa bwagira uruhara rukomeye mu gufatira ibihano Uburusiya kubera ibikorwa vyabwo mu gihugu ca Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG