Uko wahagera

Ubulaya Busaba Zambiya Kurekura Hichilema


Umunyapolitike Hakainde Hichilema wo muri Zambiya

Inama nshingamateka y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya yatangaje, uno musi ku wa kane, kw’itewe impungenge n’ihagarikwa hamwe n’ifungwa mu kwezi kwa kane ry’umunyepolitike atavuga rumwe na reta y’igihugu ca Zambiya, Hakainde Hichilema. Uyu yagirizwa guhemuka.

Mu ngingo yemejwe mu gisagara ca Strasbourg, abadepite b’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya bavuga kw’ivyo Hichilema yagirizwa bifatiye ku mpamvu za politike. Basavye abategetsi ba Zambiya kugira itohoza ku vyagirizo vy’uko yoba yafashwe nabi mu munyororo.

Inama nshingamateka yo mu Bulaya iriyamiriza ikandamizwa ry’uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro n’ukugira amakoraniro ritera rikomera muri Zambiya.

Haikande Hichilema, afise imyaka 54 muri iki gihe. Yahagaritswe mu kwezi kwa kane, yegetweko ivyaha vy’uguhembuka.

Ku musi wa mbere, ubutungane bwatangaje kw’azoguma mu munyororo gushika kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG