Uko wahagera

Nijeriya: Umwigeme w'i Chibok Yatorotse Boko Haram


Bamwe mu bigeme 82, b'i Chibok, baheruka kurekurwa n'umugwi w'iterabwoba Boko Haram.
Bamwe mu bigeme 82, b'i Chibok, baheruka kurekurwa n'umugwi w'iterabwoba Boko Haram.

Muri Nijeriya, hatowe uwundi mwana w’umwigeme, mu banyeshure bo mu ntara ya Chibok, banyurujwe n’umuhari Boko Haram, mu bihumbi bibiri na cumi na kane. Uwo mwigeme yatowe inyuma y’aho atorotse abagwanyi b’uwo muhari.

Ivyo vyatangajwe n’Umuvugizi wa Prezida Muhammadu Buhari, kur’uyu wa gatatu, yamara nta vyinshi yavuze, atar’uko uwo muwigeme yatowe n’abasirikare ba Nijeriya, ari nabo bamushikanye k’umugwa mukuru. Uwo mwigeme atorotse inyuma y’indwi zibiri, har’abandi bashika kuri mirongo umunani na babiri, baheruka kurekugwa inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati ya Reta n’umuhari Boko Haram.

Abigeme b’i Chibok bashika ku majana abiri na mirongo indwi na batandatu, nibo banyurujwe n’abagwanyi b’uwo muhari, bakuwe m’uburaro bw’ishure. Abashika kw’ijana bakaba bakiri mu minwe y’abo bagwanyi.

Umuhari Boko Haram umaze imyaka umunani ugwanira m’uburaruko bwa Nijeriya. Iyo ntambara imaze guhitana abanyagihugu baharugwa mu bihumbi. Abategetsi ba Nijeriya bavuga ko uwo muhari wanyuruje abo bigeme mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu, kugira ntibigwanire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG