Uko wahagera

Amerika Izobandanya Gukuraho Ibihano Vyofatiwe Irani


Ihinguriro ry'ivyuka m'uburaruko bwa Irani

Reta irongowe na Prezida Donald Trump wa Amerika, yatangaje ko izobandanya kugabanya ibihano vyahawe Irani ku bijanye n’ibigwanisho ruhonyanganda. Ivyo bigendeye ku masezerano yashizweho ku ntwaro ya Barack Obama.

Ayo masezerano yateweko igikumu mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, ategekanya ko ivyo bihano bikurwaho mu gihe Irani ihagaritse umugambi wayo wo guhingura ivyo bigwanisho.

Yamara Reta ya Amerika yarashizeho ibihano ku bategetsi babiri b’igisirikare ca Irani, hamwe na rimwe mu mashirahamwe y’igihugu ca Irani, co kimwe n’abanywanyi b’umugwi uri mur’ico gikorwa baturuka mu gihugu c’Ubushinwa.

Departema ya Amerika yasohoye kandi icegeranyo cagiriza Igihugu ca Irani kw’ihohoterwa gikora mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Ivyo vyatangajwe n’uwuserukira Amerika mu bihugu vy’abarabu, Stuart Jones. Ahamagarira kandi Irani kurekura abanyagihugu b’abanyamerika bapfungiwe aho muri Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG