Uko wahagera

Perezida Macron w'Ubufaransa Yagenye Reta Yiwe


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron

Perezida mushasha w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yagenye abagize reta yiwe kur’uyu wa gatatu.

Reta yiwe ya mbere igizwe n’igice c’abagore hamwe n’ic’abagabo, barimwo abanyepolitike bari mu migambwe itandukanye hamwe n’abandi bashasha bava mu badaharanira inyungu za politike.

Umusosiyaliste Jean-Yves Le Drian, yahoze ar’umushikiranganji wo kwivuna abansi niwe yagenwe kuba uw’imigenderanire n’amakungu.

Mu kiringo c’imyaka itanu yar’amaze mur’ayo mabanga ku ntwaro ya Francois Hollande, Le Drian niwe yagenzura ibikorwa vya gisirikare muri Mali, Repubulika ya Centrafrika, Iraki na Siriya.

Ahambije Edouard Philippe yagenwe mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere kur’uyu wa mbere nyene.

Bruno Le Maire niwe azoba umushikiranganji w’ubutunzi, ni umwe muri batatu bavuye mu mugambwe w’abatsimbaraye ku matwara ya kera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG