Uko wahagera

RDC: Abanyororo Barenga 50 Batorotse Ibohero


Abanyororo kw'ibihero rya Makala k'umurwa mukuru Kinshasa wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo
Abanyororo kw'ibihero rya Makala k'umurwa mukuru Kinshasa wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo

Uwahoze arongoye abagize imigumuko biyamiriza Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya kongo yaratorotse mw’ibohero rikuru rya Makala riri k’umurwa mukuru Kinshasa inyuma y’igitero cabaye mw’ijoro ryo kur'uyu wa kabiri.

Atorotse kw’italiki y’akaruhuko aho mur’ico gihugu bibuka imyaka mirongo ibiri iheze intwaro ya Mobutu Sese Seko ikombowe igasubirizwa n’iya Laurent-Désiré Kabila, yar’arongoye umuhari w’abarwanya reta.

Abanywanyi ba Bundu Dia Kongo nibo bateye ibohero rya Makala, batorokesha n’abandi banyororo baharurwa muri mirongo itanu barimwo umushingamateka Ne Muanda Nsemi ari nawe nawe mukuru wa Bundu Dia Kongo canke ubwamwi bwa Kongo mu rurimi rw’igikongo, umuhari wa politike ushingiye kw’idini ugomba ko intara ya Kongo Central iri mu burengero yiyinkora ku gihugu

Yagirizwa ibitero ku vyibutso vy’igihugu n’abaserukira reta mu kwezi kwa mbere n’ukwa kabiri 2016. Yafashwe mu ntango z’ukwezi kwa gatatu. Ne Muanda Nsemi yagirizwa kandi gutunganya imugumuko yiyamirizwa Perezida Kabila.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG