Uko wahagera

ONU Isabira Ibihano Koreya ya Ruguru


Akanama ka ONU kajejwe umutekano kaneguye kur’uyu wa mbere Koreya kubona yarateye ikigendajuru ca Misile kur’uyu w’Imana, kagisabira kandi ibihano.

Mw’itangazo ryemejwe n’ibihugu 15 bigize ako kanama harimwo n’Ubushinwa soma mbike na Koreya ya ruguru, ONU itegeka ico gihugu guhagarika vuba ibikorwa vyo kubandanya bakora ibirwanisho ruhonyanganda.

Iyemezwa ry’ico cemezo categuwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, ribaye imbere y’inama yo mu mwiherero y’ako kanama itegekanijwe kur’uyu wa kabiri, yasabwe n’Amerika n’Ubuyapani kugira bavugane kur’ico kibazo.

Koreya ya ruguru yaragerageje incuro zibiri ibirwanisho vya nikleyeri hamwe na misile zirenga cumi kuva mu mwaka uheze, ivyo vyose ibigira mu ntumbero yo kuraba ko bashobora gutera Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG