Uko wahagera

Reta ya Cote d'Ivoire n'Abagumutse Ntibarumvikana


Abasirikare bacungera umukuru w'igihugu bari ku birindiro vyabo i Abidjan.
Abasirikare bacungera umukuru w'igihugu bari ku birindiro vyabo i Abidjan.

Ibisagara bibiri vyo muri Cote d'Ivoire, arivyo Abidjan na Bouake, vyari mu ruhagarara kur'uyu wa mbere, abasirikare bagumutse babandanya barasa mu kirere mu ntumbero yo gusaba reta kubaha uturusho yabemereye.

Abamenyeshamakuru b’Ijwi ry’Amerika mur’ico gihugu batangaje ko amasasu yahagaze kwumvikana mur'ivyo bisagara mu masasita, ariko abantu babandanya bafise ubwoba, amaduka yari yugawe eka n’amabarabara yarera.

Umuvugizi w’abo basirikare bagumutse, yabwiye ijwi ry’Amerika aho ari I Bouake, ko batagamije gutembagaza ubutegetsi. Basaba Perezida Alassane Ouattara gushitsa ivyo yemeye vyo kubariha uturusho dushika kubihumbi 20 vy’amadolari y’abanyamerika kur’umwe wese.

Abandanya avuga ko bamaze guhabwa amafaranga adashika igice cayo bakipfuza ko ayasigaye bokwumvikana ingene boza barayahabwa buri kwezi.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain-Richard Donwahi, yatangarije kuri Televiziyo y’igihugu kur'uyu wa mbere ko habaye umwumvikano.

Ariko abavugizi babiri b’abo basirikare babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika Reuters ko ivyo reta yabashikirije bavyanse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG