Uko wahagera

USA: Trump Yoba Yarahaye Amabanga Akomeye Uburusiya


Perezida w''Amerika, Donald Trump i buryo na Sergey Lavrov, umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yagirijwe kur’uyu wa mbere ko yoba yarahaye amakuru y’ibanga ryo ku rwego rwo hejuru umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’amakungu Sergueï Lavrov .

Amakuru yatangajwe n’ikinyamakuru le Washington Post, co muri Amerika, avuga ko mu mubonano Trump yagiranye n’umushikiranganji Lavrov k’umusi wa gatatu, yoba yaramwibiye amabanga y’ingene urugamba n’umuhari w’iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu ruriko rurategurwa.

Ayo makuru ikinyamakuru le Washington Post gitangaza ko cayahawe n’incuti y’Amerika itashimye ko Uburusiya bubimenya.

Aya makuru yamirirwa kure na jenerali H.R. McMaster, umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu wa perezida Trump avuga ko yari mur’iyo nama n’abategetsi b’Uburusiya ariko atigeze yumva ivyo biganiro hagati y'abo bategetsi.

Abashingamateka bamwe bamaze kuvuga ko mugihe ayo makuru yoba aray’ukuri bishobora kubangamira umutekano w’Amerika kuko Uburusiya ata kiboneka buriko burakora mu gufasha mu rugamba n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Aya makuru atangajwe mugihe habandanya havugwa ko hakiri ibihishijwe mw’ikomborwa rya James Comey yahoze arongoye ibiro bijejwe gutohoza ivyaha FBI, ahavugwa ko yoba yariko aratohoza imigenderanire iri hagati y’abari muri reta ya Trump n’Uburusiya mugihe co kwiyamamariza amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG