Uko wahagera

Macron Asaba Itunganywa Gushasha ry'Umuryango w'ibihugu vy'i Bulaya


Perezida mushasha w'Ubufransa, Emmanuel ariko yakirwa na Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel i Berlin, italiki 15 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2017, mu rugendo rwa mbere rwa Macron mu mahanga kuva abaye perezida

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yagize urugendo mu gihugu c’Ubudagi ku musi wiwe wa mbere mu mabanga y’umukuru w’igihugu.

Yabwiye Chanceliere w’Ubudagi kw’ashaka gukorana nawe mu gutunganya gushasha inzego z’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Perezida Macron yatangaje uno musi ku wa mbere mu gisagara ca Berlin, kw'inzego z’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya zitegerezwa gutunganywa gushasha, ko yiteguriye guhindura amasezerano y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya hamwe vyoba nkenerwa.

Perezida Macron yatangaje kw’Ubufransa buzotunganya neza ivyerekeye ubutunzi kugira bitume ubushomeri bugabanuka mu gihugu.

Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel yabwiye Macron kw’akarere k’i Bulaya kazomera neza igihe Ubufransa buzoba bufise inguvu. Yatangaje kw’azokwiyemeza kur'uwo mugambi.

Avuga ko we na Perezida Macron bumvikanye ku vyerekeye gushiraho imigambi igenewe gukomeza ubumwe bw’igihugu vy’i Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG