Uko wahagera

Abahoze barwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Cote d’Ivoire, bashavuye bari basubijwe mu nteko za Reta bari mu migumuko mu bisagara bibiri vyo muri Cote d’Ivoire.

Batangaza ko bari bemerewe guhabwa agashiruka bute batigeze baronka.

Amasasi yumvikanye mu gisagara ca Boauke, kigira ubwa kabiri mu bunini muri Cote d’Ivoire, hamwe no mu yandi makambi atari make y’igisirikare ku murwa mukuru w’igihugu, mu vyerekeye ubutunzi, Abidjan.

Ivy’uko hari abahasize ubuzima canke abakomeretse ntivyamenyekanye buno nyene.

Reta ya Cote d’Ivoire yatanguje igikorwa ca gisirikare kigenewe gusubira gufata igisagara ca Bouake aho umusivile umwe yishwe ku musi w’Imana.

Hari kandi amakuru avuga kw’abandi bantu 20 bakomeretse igihe bihoza abarwanya ubutegetsi bari babagabishije ko boguma mu mazu yabo.

Abasirikare bagumutse bafashe igisagara ca Bouake ku musi wa gatanu.

Umwe mu basirikare bagumutse yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters kw’abasirikare bagumutse mu gisagara ca Bouake banse gushira hasi ibirwanisho vyabo.

Atangaza ko biteguriye gutana mu mitwe n’inteko za Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG